CENI – Commission Electorale Nationale Indépendante du Burundi

Vyaravuzwe ntibisubira inyuma. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yasavye ashimitse ko indwi yo guhera kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 12 myandagaro 2024 abantu bose babwirizwa kubanza gusukura aho bakorera imbere yo kwinjira mu biro. Mu mugwi CENI baremeza ko yabwiye abumva.

« Bavuga rimwe tukumva kabiri ». Prosper Ntahorwamiye arongoye umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI yabaye acumva akamo gaterwa na Sebarundi, na we aca abikoza abakozi arongoye. Kuri uyu wa mbere itariki 12 myandagaro abakozi bose batonze biteguriye ibikorwa vyo gusukura aho bakorera.

Amasuka n’ibipawa ; imikubuzo n’inkorofani, amakupekupe, wasanga umwe wese afise ico ariko arakora kijanye n’isuku. N’uwutaba afise kimwe muri ivyo ntiyigera yicara. Nta n’ukurutana ku bikorwa vy’isuku vy’uwo musi. Uwurongoye CENI uramusanga ariko asunika inkorofani mu gihe hari uwundi ariko akoresha inguvu ziri musi y’aho. Uramusangana umukubuzo mu ntoke ariko arakubura, abandi hirya bariko baringaniza amashurwe. Mu bikorwa vy’isuku ahakorera umugwi CENI wamengo nta wusumba uwundi. Ivyahora bikorwa n’abakozi bitwa batobato (« plantons » mu gifaransa), bose babihurirako, ata mukuru ata muto.

Ibikorwa vy’isuku ahasanzwe hari icicaro c’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI vyaranguriwe ku mpande zose kuva ahari ibiro bitandukanye gushika no ku ruhande rw’ibarabara rikuru rija kw’isoko bita kwa Siyoni, umuntu aduganye kw’ihinguriro ry’ibinyobwa Brarudi.  

Itariki 10 z’ukwezi kw’umunani umwaka wa 2024, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yatangaje ko indwi yo guhera kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 12 myandagaro ayihariye isuku ry’aho abantu bakorera. Ukwinjira mu biro ntibirekuwe. Prezida Ndayishimiye avuga ko uwo azosanga yicaye mu biro ari we ubwiwe azomwisohorera. Anatangaza ko kuri uyu wa mbere nyene abwirizwa guca mu bice bitandukanya vy’igisagara ca Bujumbura kugira yirabire ingene ibikorwa vy’isuku biriko biragenda. Abantu bonyene barekuriwe gukorera mu biro yabavuze mu migwi ibiri : Hari abaganga babwirizwa kuguma bakira abagwayi, hamwe n’abacamanza bategerezwa kuguma batunganiriza abenegihugu babitura ku manza zitandukanye.