CENI – Commission Electorale Nationale Indépendante du Burundi

Ku musi ugira gatatu w’indwi yahariwe isuku mu bibanza abantu baranguriramwo imirimo itandukanye, umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI wakoreye ahasanzwe habikwa ibikoresho bijanye n’amatora. Aho ni muri quartier ya cumi muri Zone Ngagara, mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Ni mu kigo kinini kirimwo ibikoresho bitandukanye bijanye n’amatora. Abakozi b’umugwi CENI uhereye kuri kizigenza wawo Prosper Ntahorwamiye bari baraye bapfunditse iryo sango ko kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 14 ukwezi kwa myandagaro umwaka wa 2024, ibikorwa bitegekanijwe kurangurirwa muri ico kibanza. Bari bamaze kabiri guhera ku musi wa mbere, bakorera ahasanzwe hari icicaro ca CENI hepfo y’isoko bita kwa Siyoni, umanuka werekeza ihinguriro ry’ibinyobwa Brarudi.

Muri ico kigo kiri mu Ngargara ya cumi, abakozi ba CENI bakaba bari mu bikorwa vyo kuringaniza imbuga iri hagati mu kigo, isanzwe ihagarara mwo amamodokari, kurandura no guturira utwatsi dushobora kwimeza muri ico kibanza, n’ibindi. Muri ivyo bikorwa nta budasa bwibonekeza hagati y’abakuru n’abato. Bakora ata wusiganya uwundi. Ahubwo baruzuzanya. Bamwe ku ruhande baraba bariko begeranya utwatsi canke ibindi bitandukanye vyo guta canke guturira, abandi na bo bagavye n’inkorofani zo kubishiramwo kugira babitware aho bigenewe. Uwutariko akoresha isuka, usanga ariko akoresha igipawa, canke umukubuzo, canke ikupekupe, canke na ho iminwe misa kuko na yo ni igikoresho mu bindi. Ikiboneka co nta kwicara ; nta n’ukunebwa.

Indwi yo guhera itariki 12 z’ukwezi kw’umunani uno mwaka wa 2024, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yayihariye ibikorwa vy’isuku ry’aho abantu bakorera. Yabitangaje igekerezo rya 10 kuno kwezi kwa myandagaro. Yaranasavye ko ubwo butumwa babucisha ku maradiyo yose ashoboka kugira bushikire bose. Ugukorera mu biro ntibirekuwe. Ngo uwo azosanga yicaye mu biro ni we nyene ubwiwe azomwikurirayo. Abemerewe gukorera mu biro bari mu mice ibiri itarenga : Abaganga kuko babwirizwa kuguma bakira abagwayi, hamwe n’abacamanza kuko babwirizwa kuja barumviriza ababitura ku madosiye y’imanza zitandukanye.