CENI – Commission Electorale Nationale Indépendante du Burundi

Ku musi ugira kabiri ku ndwi yahariwe ibikorwa vy’isuku ry’aho abantu bakorera, abo mu mugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganaya amatora CENI babandanirije ibikorwa ahasanzwe hari icicaro cawo. Ivyavuzwe n’umukuru w’igihugu babwirizwa kuvyubahiriza.

Amasuka n’ibipawa ni vyo usanga biriko birayaga aho hose hoba hasumbasumbana. Ahari utunogo barahafurira ; ahari utudunduri bakaharinganiza, na yo ahari ivyatsi bakabikata. Mu dufurege dutwara amazi barahakubura bakahanogereza ; aho bikenewe bakahacisha amazi kugira bahasukure koko. Ubihweje womengo ni abariko bakora isuku mu mihana iwabo. Umuto n’umukuru womengo barangana kuri ivyo bikorwa. Nta n’ubutandukane bw’ivyo umuntu yokwibaza ko vyiharijwe abagabo canke abakenyezi. Ihibambewe, bose bakora ibisa, bakabikora mu runani.

Igenekerezo rya 10 kuno kwezi kwa myandagaro umwaka wa 2024, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yatanze itegeko ry’uko abakozi bose babwirizwa kumara indwi bari mu bikorwa vy’isuku aho basanzwe barangurira imirimo ya misi yose. Ivyo gukorera mu biro yababwiye ko bobanza bakabibangirako muri ino ndwi yatanguye itariki 12 z’ukw’umunani. Prezida Ndayishimiye avuga ko uwo azosanga yicaye mu biro ari we ubwiwe azomwisohorera. Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 12 yaragendeye ibibanza bimwe bimwe mu gisagara ca Bujumbura kugira yirabire ingene ibikorwa biriko biragenda. Abarekuriwe gukorera mu biro bari kubiri : Hari abaganga babwirizwa kuguma bakira abagwayi, hamwe n’abacamanza bategerezwa kuguma batunganiriza abenegihugu babitura ku manza zitandukanye. Prezida Ndayishimiye ahamagarira abakozi kugira isuku aho hose bakorera, mu ntumbero yo gukingira amagara yabo n’ay’ababo.